Ikibazo
Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye abagabo barongora abandi bagabo ? Mbega ni icaha ?
Inyishu
Bibiliya iratubwira incuro nyinshi ko abagabo barongora abandi bagabo ari icaha (Itanguriro 19:1-13; Abalewi 18:22; Abaroma 1:26-27; 1 Abāi Korinto 6:9). Abaroma 1:26-27 higisha mu buryo butumoye ko abagabo barongora abandi bagabo ari ingaruka yo kwanka Imana no kugarariza Imana. Igihe abantu babandanya gucumura no kutizera Imana, haragera igihe Imana āibahebaā kugira ngo bamogorere mu vyaha maze ivyo bibahe kubona ko kubaho bari kure yāImana ari ubupfu kandi ari ubuzima butagira ivyizigiro. 1 Abāi Korinto 6:9 haratubwira ko abagabo ābakora icahaā co barongora abandi bagabo batazoragwa ubwami bwāImana.
Imana ntiyaremye umuntu afise ivyifuzo vyo kubenguka uwo basangiye igitsina. Bibiliya itubwira ko abantu bamera gurtyo kubera icaha (Abaroma 1:24-27) kandi kubera uguhitamwo kwabo. Ni vyo umuntu arashobora kuvuka asa n āuwufise ivyifuzo vyo kubenguka abo basangiye igitsinaā, nkāuko hari abana bavukana agatima kāubugizi bwa nabi nāibindi vyaha. Yamara ivyo ntivyoba ivyitwazo vyo guhitamwo gukora ivyaha bivuye ku vyifuzo vyāivyaha. Nimba umuntu yavukanye agatima kāishavu rirenze/nāuburake, none ivyo yovyitwaza mu gushira mu ngiro ibikorwa vyiwe ? Oya namba! Ivyo ni co kimwe nāivyerekeye abagabo barongora abandi bagabo.
Yamara kandi, Bibiliya ntivuga ko ico caha ari co caha ācāishanoā kurusha ibindi vyaha. Ivyaha vyose birababaza Imana. Icaha cāabagabo barongora abandi bagabo ni kimwe mu vyaha vyinshi dusanga mu 1 Abāi Korinto 6:9-10 bibuza abantu kwinjira mu bwami bwāImana. Bibiliya itwigisha ko umugabo arongora abandi bagabo ashobora kuronka imbabazi zāImana co kimwe nāuwundi musambanyi, uwusenga ibigirwamana, abicanyi, abasuma, nāabandi. Imana yarasezeranye kandi gutanga intsinzi ku caha, harimwo nāicaha cāabagabo barongora abandi bagabo, kuri abo bose bizera Yesu Kristo ko ari we mukiza (1 Abāi Korinto 6:11; 2 Abāi Korinto 5:17; Abāi Filipi 4:13).
English
Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye abagabo barongora abandi bagabo ? Mbega ni icaha ?